Kurwanya ikumirwa ry’abafise ingorane zo mu mutwe hakoreshejwe amafoto

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

Thembela Nymless Ngayi ni umuntu afata amafoto w’imyaka 29, yavukiye I Umtata, mu buseruko bw’igisagara ca Cap, ariko ubu aba I Cape Town.

Abicishije mu rukurikirane rw’amafoto yiwe yise “ The great African Horror Story: Depression; agwanya ikumira rifatiye ku ngorane zo mu mutwe- na cane cane ku birabure aho aba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

“Ingorane zo mu mutwe ni ibintu namye nzi neza, ariko ntigeze na rimwe mbona canke numva abantu babiyaga ku mugaragaro. Imyaka yose namye mbona abantu dufitaniye ubucuti bagira ingorane zo mu mutwe, ukuyinga na cane cane, kandi muri ico gihe sinari nzi uko bimera, kenshi nkavuga ko ‘ari ingwara z’abazungu’."

“Ivyiyumviro vyanje vyahindutse mu mwaka uheze aho nari ngeze habi mu buzima bwanje, hanyuma mbona ko ata bantu benshi bazi uko bafata umuntu afise ingorane zo mu mutwe- ahubwo duca tuvyirengagiza canke tukabita ku kwemera, ku burozi no ku mizimu y’abasokuru.”

“Ukuyinga bifata abagabo n’abapfasoni, birumvikana rero kuri jewe igituma nafashe abo bantu babiri kugira ndabakorereko. Umupfasoni afise ibikorwa bibiri muri urwo rukurikirane. Ubwa mbere, yerekana mu mibano, abirabure nakuriyemwo. Mu kanya gato, ubona yirengangiza abagabo ari na ko arondera ko bamwamizako akajisho, kandi ibi ni nako bigenda mu mibano aho bakwirengangiza iyo uteye habi mu buzima. Abagenzi batangura kukwigira kure.”

“Iyo vyose vyamuhezeko, aronderera inyishu mw’icupa.”

“Iyo wayinze, nta kintu na kimwe kiba kigifise ico gisigura. Ntuba ukimenya ibara, icanga, canke umunezero. Imisi yose irasa kandi nta kintu na kimwe gisa n’uko kiba kigifise ico gisigura."

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

“Turabona umupfasoni yitaho umugabo aho yagaramye nk’uwapfuye- ni n’uko nyene abantu bashobora kwiyumva igihe bafashe ingingo yo kwiyahura kubera babuze uwubafasha muri uko kuyinga kwabo.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

“Umuntu wese arafise ico yovuga kandi umwe wese muri twebwe afise uburyo bwinshi bwo gushikiriza izo nkuru. Ishobora kuba indirimbo canke film, ariko ico ashimikirako kirafise akamaro cane kubacumviriza, hari ico bakuramwo.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

“Nizeye ko uru rukurikirane ruzofasha abantu kwuguruka gusumba hanyuma bavuge kumugaragaro, ariko igikomeye cane mu mibano bahakure icirwa ku vyerekeye inkurikizi yo kuyinga n’ingene twovugisha abantu bafise ingorane zo mu mutwe zitandukanye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Thembela Nymless Ngayi

Isoko: Izo foto zose ziva mu rukurikirane rwa The Great African Horror Story: Depression rwakozwe na Thembela Nymless Ngayi.

Ibindi kuri iyi nkuru