Ubushinwa bwasize misile mw'izinga rya Woody

china woody Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Ifoto y'ikigendajuru yerekana amazu n'ibarabara ry'indarayi mw'izinga rya Woody

Biboneka ko Ubushinwa bwashize ibisase vya missile ‘Surface-to-missiles’ mw’izinga ririmwo amatati riri mw’ibahari mu bumanuko bw’Ubushinwa, nk’uko inkuru zibivuga.

Amafoto y’ibigendajuru yafashwe itariki 14 ukwezi kwa kabiri ashigwa mu kinyamakuru ca Fox News yerekana ivyuma bitera ibisasu vya misile umunani hamwe na radar mw’izinga rya Woody canke Yongxing.

Taiwan na yo nyene ivuga ko iryo zinga riyegukira, iremeza izo nkuru.

Ariko umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubushinwa Wang Yi, avuga ko izo nkuru ari impimbano zikwiragizwa n’ibinyamakuru vya Buraya.

Avugira mu kiganiro n’abamenyeshamakuru I Beijing ari kumwe na mugnzi we wo mu gihugu ca Australia, Julie Bisop, Wang yavuze ko ibimenyeshamakuru bikwiye kwitaho gusumba kuvuga ivyerekeye amatara yashizwe mw’ibahari ryo mu bumanuko bw’Ubushinwa “Yagize akamaro cane ku mato ahaca”.

Izo misile zishobora kwongereza imishamirano kubera amatati ari mw’ibahari yo mu bumanuko bw’Ubushinwa.

Ubushinwa bwaragize ibikorwa vy’iterambere muri ako karere, buvuga ko ari ahabo ariko mu bikorwa vy’abanyagihugu.

Ariko ivyo bikorwa vyarababaje cane ibindi bihugu vyiyitirira ako karere, kandi hari amakenga akomeye ko muri ako karere habera intambara.