Obama: Trump ntashobora kuba prezida wa Amerika

amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Obama yariko arabonana n'abategetsi b'ibihugu vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia

Prezida wa Amerika Barack Obama yavuze ko azi neza ko uwuharanira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains, Donald Trump, atazoba umukuru w’igihugu ca Amerika.

Yavuze ko ako “kazi gakomeye cane”.

“Mbandanya nemeza ko Trump atazoba umukuru w’igihugu. Igituma n’uko nemera cane abanyamerika,” uko ni ko Obama yavuze.

Trump, umugwizatunga ava mu ntara ya New York, ni we ari mbere mu bahabwa amahigwe mu matora yo guhitamwo uwuzoserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Trump ni we ahabwa amahigwe yo gutahukana intsinzi mu mugambwe w'aba republicains

Aramaze gutsinda mu ntara imwe, akaba ari mbere mu bahabwa amahigwe yo gutsinda mu ntara ya South Carolina, aho abayoboke b’umugambwe w’abarepublicains bazoja gutora ku musi wa gatandatu.

Avugira mu nama kaminuza y’ubutunzi y’ibihugu zo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia, iriko irabera mu ntara ya California, prezida Obama yabajijwe n’umumenyeshamakuru ivyerekeye Trump.

Abantu ntibazomutora, kuko “barazi ko kuba prezida Atari akazi koroshe”. Uko ni ko prezida Obama yishuye.

“(Aka kazi) Si co kimwe no kuvuga mu kiganiro kuri television, si amatangazo canke kugurisha ibintu, ni akazi katoroshe. Si akazi ko kugerageza abantu no gukora ivyo ushaka kugira uvugwe cane mu bimenyeshamakuru umusi munaka.”

Trump, yamwishuye mu kuvuga ari nko gushimagizwa kunebagurwa na prezida yononye igihugu cane.

Uwo munyepolitike ntiyerekwa prezida Obama, mbere no mu myaka yahera yaguma amusaba ko yerekana urupapuro rwemeza ko yavukiye muri ico gihugu ca Amerika.