Mujuru ashaka gushinga umugambwe muri Zimbabwe

zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Joice Mujuru yahoze ari icegera ca prezida muri Zimbabwe ashaka gushinga umugamwe uzohangana na Zanu-PF

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Joice Mujuru, mw’itororokanirizo ry’amakuru, AFP, yemeje ko agiye gutanguza umugambwe wiwe uzohangana na n’umugambwe uri ku butegetsi wa Zanu-PF urongowe na Robert Mugabe.

“People First(Abanyagihugu ubwa mbere)” umupfasoni Mujuru yavuze iryo zina ry’uwo mugambwe ariko nta zindi nsiguro yatanze.

Mu kwezi kwa kane, BBC yari yavuze ko vyitezwe ko arongora uwo mugambwe kubera yirukanywe mu mugambwe Zanu-PF.

Yaragirijwe n’umupfasoni wa Mugabe, Grace, ko yateguye kugukura ku butegetsi prezida, ivyo yiyamirije.

Umupfasoni Mujuru yari umuntu yemewe cane mu mugambwe Zanu-PF, kandi yarazwi nk’umuntu yasheshe amaraso, mu gihe bariko baraharanira intahe yo kwikukira.