Batatu bagize imyiyerekano biyamiriza Beyonce

amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Tina Knowles. Instagram
Image caption Beyonce n'abatamba biwe bambaye nk'abayoboke ba Black Panthers

Abantu batatu biyamiriza umuririmvyi rurangiranwa Beyonce, bagaragaye mu nama, hanze y’ikibuga c’umupira w’amaguru co muri Amerika, mu gisagara ca New York.

Iyo myiyerekano yahamagawe inyuma yo kwerekana uwo muririmvyi mu gihe c’akaruhuko k’abakinyi kuri ico kibuga, aho we n’abamufasha gutamba bari baje bambaye nk’abayoboke b’umugwi bafise ivyiyumviro bikarishe ba Black Panthers.

Abantu benshi muri Amerika bavuze ko kwerekana ivyo birori kwabaye nkorotso ku gipolisi no kubipfuza ko amategeko akurikizwa.

Image caption Abatamvyi ba Beyonce

Ariko hariho abari biyerekanye benshi bashigikiye Beyonce muri iyo myiyerekano.

Uwo mugwi wari uwo abaharanira agateka k’abirabure mu gihugu ca Amerika hagati y’imyaka ya 1960 na 1980.

Igihe kimwe uwo mugwi wa Beyonce warateguye igishusho ca X benshi bibaza ko cari ico kwibuka uwaharaniye agateka k’abirabure muri Amerika Malcom X, yarashwe mu mwaka 1965.