Turkia gitegerezwa kwihora ku bitero vya bombe

turkey Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida wa Turkey Recep Tayyip Erdogan

Igihugu ca Turkia carahiye kirarengwa ko gitegerezwa kwihora ku bitero vya bombe vyagijwe mu gisagara ca Ankara, cahitanye abantu 28 n’abandi 61 bakomeretse.

“Turkia ntizotinya gukoresha ubushobozi ifise bwo kwikingira,” uko niko prezida Recep Tayyip Erdogan yavuze.

Abategetsi bavuze ko imodoka yuzuye bombe yaturitse igihe imodoka za bus zunguruza abasirikare zariko zirarenganaku musi wa gatatu.

Amaziko ategekanijwe ku musi wa kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abejejwe umutekano baragavye mu gisagara ca Ankara

Nta mugwi n’umwe gushika ubu uriyitirira ivyo bitero.

Amarika yiyamirije ivyo bitero, mu gihe umuvugizi w’akanama k’igihugu kajejwe umutekano, Ned Price, yavuze ko bifatanije na Turkia, nk’igihugu kiri muri Otan n’incuti yacu.

Ivyo bibombe vyaturikiye mu karere kegereye inama nshingamateka n’icicaro gikuru ca gisirikare.

Umwotsi mwinshi wabonetse utwikiriye ako karere, ababibonye bakaba bavuga ko uguturika kwavyo kwumvikanye mu gisagara hose.