Amaradiyo 2 yari yarafunze yafunguwe mu Burundi

Image caption Richard Giramahoro (hagati), w'urwego rucungera amakuru mu Burundi CNC

Radio Isanganiro na Radio Television Rema FM zigiye gusubira kwumvikana mu Burundi.

Ivyo binyamakuru bibiri vyari mu vyasambuwe hanyuma birahagarikwa igihe haba kugerageza gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 ukwezi kwa gatanu mu 2015.

Uburenganzira bwo gukora zabuhawe kuri uyu wa Gatanu n’urwego rwo gucungera amakuru mu Burundi (Conseil National de la Communication) CNC.

Umukuru w’urwo rwego Richard Giramahoro yabanje gusinyisha abaserukira ivyo binyamakuru urwandiko rushasha rw’ivyo biyemeje kuzokwubahiriza "kugira ntihazosubire kuba amakosa nk’ayabaye muri kahise’’.

Ayo makosa ntiyavuzwe ayariyo.

Izindi radio na television zasambuwe zikongera zikugarwa ni Bonesha FM, Radio Television Renaissance na RPA.

Hamwe n’Isanganiro, izo nizo zari zaciyeko itangazo ry’abavuga ko batembagaje ubugetsi.

Richard Girahamahoro yasigiye ko kuba huguruwe zibiri bifatiye ku ntambwe igezweko mu matohoza y’ubutungane ku ruhara ayo maradiyo yagize "mu vyahitiye biba mu Burundi’’.

Umukuru wa Radio Televison REMA FM, Claude Nkurunziza, avuga ko bazosubira kugura ivyuma bishasha kuko ibindi vyose vyasambuwe.

Ariko iradio ngo irashobora gutangura gukora mu ndwi imwe.

Isanganiro ntawuramenya aho izotangurira gushikiriza ibiganiro.