Abashikiranganji ba EU barahura ku kibazo c'abimukira

eu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira

Abashikiranganji b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, EU, barahura uyu musi mu gihe hari igabishwa ko ikibazo c’abimukira gishobora guhuhura ivyari bisanzwe bihuha muri iryo shirahamwe.

Autriche n’ibihugu vya Balkan vyarumvikanye ku ngingo zo kugabanya ibitigiri vyakira, bituma haba imyidogo y’Ubugiriki, aho ibihumbi n’ibihumbi vy’abimukira bari mu kangaratete inyuma y’aho igihugu ca Macedoine cankiye abanye Afghanistan kwinjira muri ico gihugu.

Hagati aho, Hongrie yarahamagaje amatora yo kwemeza canke guhakana igitigiri c’abimukira bokwakira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Abimukira barenga ibihumbi 100 barashitse ku mugabane wa Buraya muri uyu mwaka.

I Bruxelles, abashikiranganji b’imigenderanire b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya , EU, baraza kwumviriza imigambi yateguwe na Autriche n’ibindi bihugu umunani vyo mu karere ka Balkan, urimwo ugufata amakanda ku bantu bose binjira n’abasohoka badafise impapuro z’inzira canke bafise ivyangombwa bitari vyo.

Ivyo bihugu kandi vyemeranijwe kwakira gusa abo babona bakeneye gukingirwa, ivyamaze gufatwa n’amareta amwe amwe nko kwemerera gusa abanye Syria n’abanye Irak.