Ebola igira inkurikizi y'igihe kirekire

ebola Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umugera wa Ebola wahitanye abantu amajana n'amajana mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika

Umugwi w’abahinga b’ingwara ya Ebola, mu gihugu ca Liberia bemeje ko benshi muri bo, bagize ikibazo c’ubwonko inyuma yo gufatwa n’umugera wa Ebola.

Abahinga bo muri reta ya Amerika bariko baragira amatohoza ku nkurikizi z’igihe kirekire zashikiye abantu 82 bakize iyo ngwara ya Ebola, basanga ibice bibiri kuri bitatu, bafise ingorane yo kubabara mu mutwe, kwibagira no kwama batuntuye.