Akana gakunda cane Messi yakarungikiye umupira wo gukinana

afghanistan Uwufise ububasha kw’isanamu unicef.af
Image caption Murtaza yambaye umupira warungitswe na Messi kandi yashizeko umukono

Akana k’agahungu ko muri Afghanistan kabaye rurangiranwa ku mbuga ngurukanabumenyi kubera kambaye akamwanya gasa n’impuzu za Barcelone, kanditseko numero 10 za Lionel Messi, yatinze araronka impuzu nyayo yarungikiwe n’uwo munye argentine ubwiwe.

BBC Trending yarafashije kumenya aho uwo mwana azwi “nk’umukunzi akomeye wa Messi,” Murtaza Ahmadi w’imyaka itanu, wo mu karere ka Jaghori, mu buseruko bw’intara Ghazni mu gihugu ca Afghanistan.

Umugwi ufasha Messi mu bikorwa vya misi yose wemeje kuri uyu wa kane ko Murtaza yarungikiwe umupira usa n’iyo argentine yambara uriko umukono wa Messi, hamwe n’umupira wo gukina bivye kuri uwo mukinyi, amaze kuronka kuronka agashimwe k’umukinyi wa mbere kw’isi incuro zitanu zose.

“Ndakunda Messi kandi uyu mupira uravuga ko Messi ankunda,” uko ni ko Murtaza yavuze yishimira igitsindo ahejeje kwinjiza.

Image caption Murtaza yambaye akamwanya gasa n'impuzu Messi akinana ari co catumye aronderwa ku mbuga za internet

Kumurondera uwo mwana w’umuhungu ku mbuga za internet vyatanguye kubera ifoto imwe gusa yashizeko, imwerekana yambaye akamwanya gafise imirono isa n’ubururu, yigana uwo mukinyi rurangiranwa wa Argentine.

Ico gihe hari abatanguye kuvuga ko uwo mwana ari umu kurde wo muri Iraq, kandi ko uwo mukinyi wa Barcelone ariko aramurondera kugira ngo amuhe impuzu nyayo.

Murtaza yagiye kumenyekana bivuye kuri sewabo, Azim Ahmadi, umunye Afghanistan aba mu gihugu ca Australia, yahuje BBC Trending na mwenewabo, Arif, se w’uyo mukunzi akomeye wa Messi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Arif Ahmadi
Image caption Umuvyeyi wa Murtaza avuga ko akenye ku boryo atoshobora kugura impuzu yo gukinana isa n'iya Messi

Uwo murimyi w’I Ghazni yaremeje ko umwana wiwe ari we yamenyekanye hose kw’isi, aca yongerako ko Murtaza “ yanezerewe cane”.

Messi ni ambassadeur w’ishami rya Onu rijejwe ibibondo kw’isi (Unicef), kandi iryo shirahamwe ryarafashije kugira iyo mpuzu y’uwo mwana w’umuhungu iboneke, aho yashize ifoto ya Murtaza ku rubuga rwa internet rw’iryo shirahamwe.