Amatora y'umukuru wa FIFA

fifa
Image caption Abitoza mu kibanza co kurongora FIFA

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, riraronka umukuru mushasha uyu musi, inyuma y’aho intumwa zishika 207 zikoraniye mu gisagara ca Zurich, mu gihugu c’Ubuswisse baza gutorera uwusubirira Sepp Blatter.

Blatter w’imyaka 79, yarongoye iryo shirahamwe kuva mu 1998.

Yavuye kuri ubwo burongozi mu mwaka uheze yagirizwa ibiturire vyabaye ndanse muri iryo shirahamwe.

Hari abahiganirwa ico kibanza batanu.

Abo bakaba ari Sheikh Salman Bin Ebrahim al-Khalifa, Gianni Infantino, Mwana mfalme Ali bin-Hussein, Tokyo Sexwewale na Jerome Champagne.

Sheikh Salman na Gianni Infantino ni bo biboneka ko baza imbere y’abandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Amatora atangura 12:GMT ( n’ukuvuga isaha umunani isaha yo mu Burundi).

Imbere y’uko haba amatora, umwe wese mu bitoza araza guhabwa iminota 15 yo gushikiriza ijambo.

Hari ibihugu 209 biri mw’ishirahamwe rya FIFA, ariko Koweit na Indonesia ntibarekuriwe kuza muri ayo matora, bigatuma intumwa ziza gutora ari 207.

Kugira hatangazwe uwantsinze mu gice ca mbere, n’uko umuntu aba yaronse amajwi ashika ibice bibiri vya batatu vy’abatora.

Mu gihe atawushikanye ayo majwi, baca basubira gutora ariko hatarimwo uwaronse amajwi make kurusha abandi.

Mu gihe hatagize uwutsinda mu matora agira kabiri, baca basubira gutora hatarimwo uwaronse amajwi make mu ncuro ya kabiri.

Ishirahamwe FIFA rivuga ko ata nkeka, uwatsinze aza kumenyekana kuri uyu wa gatanu.