FIFA: Gianni Infantino atsinze amatora

Gianni Infantino Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gianni Infantino

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA rimaze gutora Gianni Infantino wo mu Busuwisi kuba umukuru mushya w'iryo shyirahamwe.

Bwana Gianni w'imyaka 45 atsinze abantu batatu ku nshuro ya kabiri kuko ntawashoboye gutsinda ku nshuro ya mbere muri ayo matora yaberaga i Zurich ku cyicaro gikuru cya FIFA.

Atsinze n'amajwi 115 kuri 209.

Mw'ijambo avuze amaze gutorwa, umukuru mushya wa FIFA, Gianni Infantino avuze ko arangije urugendo rurerure kandi ko adafite uko yagaragaza umunezero we.

Bwana Gianni yavuze ko yijeje abakunzi b'umupira w'amaguru ko agiye gukora ibishoboka byose kugirango asubize isura nziza umupira w'amaguru kw'isi.

Yiyemeje gukomeza gutembere isi akorana n'amashyirahamwe 209 yose ajejwe umupira w'amaguru kw'isi.

Afite imigambi yo kwongera ibihugu bikinira imikino ya nyuma y'igikombe cy'isi, ikava kuri 32 ikajya kuri 40.

Gianni Infantino yabaye umunyamabanga mukuru w'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo mu bihugu by'uburaya UEFA, kuva mu mwaka w'i 2000, akaba yarize iby'amategeko.

Asimbuye Sepp Blatter, umunyasuwisi nawe, weguye umwaka ushize kubera ibirego bya ruswa.