Umusirikare wa Tchad yarashe bagenzi we babiri

chad
Image caption Abasirikare ba Tchad bariko barasenga

Umwe mu basirikare bagiye kugarukana amahoro wo mu gihugu ca Tchad, yaraye yishe abasirikare babiri ba Onu mu buraruko bwa Mali, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry AFP.

Yagirizwa kwica uwamutwara hamwe n’umuganga.

Ubwo bwicanyi bukurikiye ingorane z’uburyo abo bagiye kugarukana amahoro babayeho, nk’uko bivugwa na AFP.

Abasirikare ba Tchad bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Mali ntibashima aho bakorera akazi mu buraruko bwa Mali.

“Uwo musirikare ntiyashimye uko uwumutwara yariko aramubwira amakosa akomeye yari yakoze,” nk’uko izo nkuru zibivuga.