Cruz na Rubio bateye amajambo Trump kuri television

america Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption MarcoRubio, Donald Trump na Ted Cruz

Abaharanira kwitoza mu kibanza ca prezida wa Amerika mu mugambwe w’aba republicanis, Ted Cruz na Marco Rubio bifatiye mu gahanga uhabwa amahigwe menshi Donald Trump mu kiganiro ca nyuma bagiranye imbere y’uko haba amatora yo mu ndwi iza.

Abo bakenguzamateka basa n’abashaka kugubanya inguvu za Trump inyuma yo gutsinda amatora ya mbere incuro zitatu kuri zine.

Abimukira, amagara y’abantu hamwe no guhamagarira gutora abanyamerika bamuka muri amerika y’epfo ni vyo vyiharije ico kiganiro.

Ariko nk’uko vyagenze n’ubushize, ikigaro cahindutsemwo ubwo nyene ugwamo n’ibitutsi ku giti cabo.

Kubaharanira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Amerika mu mugambwe w’abarepublicains, barabonye ko Donald Trump ashobora gutahukana iyo ntsinzi, ariko acerewe cane.

Mu masaha arenga abiri, abakenguzamateka Marco Rubio na Ted Cruz bagenda bakurakuranwa mu kunegura Trump.

Barateye amajambo ku vyo amaze gushikako mu rudandaza rwiwe, baravuze ubwiyorobetsi, barerekana amakenga ko yoba ari umuconservateur yuzuye, hanyuma barananebagura ukuntu muri politike yiwe aterekana ido n’ido ry’ingene yoshirwa mu ngiro.

“Dufise ibintu vyinshi bisekeje hano, si vyo?”, uko ni ko uwo aza imbere mu mahigwe.

Ariko ukuri n’uko Trump yihagazeko mu mwanya muremure.