Umugabo yigize umunyeshure imyaka ine yose

america Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Artur Samarin yarifotoje ari kumwe n'umushingamateka Patty

Umugabo umwe yamuka muri Ukraine yarahagaritswe inyuma y’aho yigize umunyeshure wo mw’ishure ryisumbuye imyaka ine yose atawurabica ikanda.

Arthur w’imyaka 23, yari mw’ishure ryisumbuye rya Harrisburg High, mu ntara ya Pennsylvania akoresha izina rya “ Asher Potts”, inyuma y’aho visa yiwe ihereye mu mwaka 2012.

Yari yigize umunyeshure w’imyaka 18 kandi yarafasha cane mu bikorwa bitandukanye kw’ishure.

Yarabonetse mu kwezi kwa gatanu 2014 ari kumwe na Patty Kim, aho yashize n’ifoto bifotoje bari kumwe ku rubuga rwiwe rwa twitter.

Marcel McCaskill, yari kumwe na Samarin mu mugambi wiwe wo kwiga ibiharuro n’ubuhinga, yavuze ko yatanfajwe n’ivyo bintu.

“Mvugishjije ukuri, yari umuntu mwiza cane, ni ntangarugero, umuntu yokwipfuje ko umwana wiwe yomera nkawe.”

Igihe bamufata, yari afise uruhusha rwo kugendesha imodoka yahawe kw’izina rya Potts, hamwe n’ikarata yo kuriha amahera yo mu zabukuru akoresheje ikarata y’ububeshi y’amavuka.

Igipilisi kivuga ko yagirizwa ubusuma, ubusuma bw’ibimuranga, no guhindura ibiranga abanyagihugu.

Umutegetsi w’ishure rya Harrisburg, Kirsten Keys, yavuze ko uburongozi bwiwe buriko burafashjanya n’igipolisi mu matohoza.