Cardinal Pell yishuye ku bibazo vy'abana bakubaguwe n'abapadiri

vatican
Image caption Cardinal George Pell ashinzwe ubutunzi i Vatican

Igihe cardinal George Pell ajejwe ubutunze yatanga ubuhamya bwari burindiriwe cane imbere y’akanama ka reta ya Australia kw’iyonona ry’abana, umumenyeshamakuru wa BBC I Roma, James Reynolds ni ho yari ari.

Cardinal George Pell yinjiye mw’icumba c’ihoteli umunota umwe imbere y’umwanya wari wategekanijwe 22:00 (21:00 GTM).

Yatambutse agana imeza yari yateguwe iri iruhande ya television.

Abantu ijana na mirongo itanu bari bakoranye kugira bamurabe atanga ubuhamya bwiwe.

Abajejwe umutekano b’I Vatican bari bicaye ahantu hatabona mu mfuruka hegereye imbere.

Abantu barenga 20 bakubaguwe bo mu gihugu ca Australia na bo nyene ni ho bari bari.

Image caption Abana bo muri Australia bakubaguwe bashitse kw'ihoteli aho Cardinal Pell yatangiye ubuhamya kuri uyu w'Imana

Baregeranije amahera yo gufata indege yo kuja I Roma, bamwe bambaye udupira dutukura twanditseko amajambo “ No More Silence” (Ntituzosubira guceceka”.

Abahinga bazimije amatara baca batsa video ituma babonana n’akanama gashinzwe amatohoza muri Australia.

Ibibazo vyatanguye vyari vyoroshe.

“Uri mu kibanza ca gatatu mu butegetsi bwa Vatican?” ako kanama ni ko kamubajije.

“Sinovuga ko ndi we,” uko ni ko Cardinal yaciye yishura. “ Ndi umutegetsi wo hejuru.”

Mu minota 20 y’ubuhamya, George Pell yavuze ku bikomeye.

Abantu bakurikiye cane.

“Si ndi ngaha kugira mvugire abadashobora kuvugirwa.”

“Ishengero ryaragize amakosa menshi kandi ririko rirakora kugira ryikosore. Ishengero mu bibanza vyinshi, ata nkeka muri Australia, yaratereranye abantu.”

Ako kanama kabajije Cardinal Pell ibimwerekeye igihe yari akiri umupatiri mutoi mu buseruko bwa Australia mu myaka ya 1970.

Benshi mu bo bari kumwe ico gihe arahamwe n’icaha co kwonona abana.

Cardinal yarahakanye ko yigeze amenya ivyo vyaha.

Habaye ikiringo co gutanga umuco.

Yahejeje kwumvirizwa imbere ya 2h00, isaha y’I Vatican. Mu kavura imbere y’ihoteli, abakorewe ayo mabi bavuze ko banejerejwe n’imvugo inywanisha ya Cardinal.

Ariko ko hagisigaye urugendo rurerure kugira ukuri kumenyekane.