Ikinogo cahambwemwo abantu benshi i Bujumbura

Image caption Aha ni igihe ibiziga vyagaragara mu muji wa Bujumbura mu mwaka uheze vyatoragugwa.

Igipolisi n'abategetsi b'igisagara ca Bujumbura bavuga ko batoye ikinogo gishobora kuba carahambwemwo abantu benshi bishwe mu ntureka uburundi bumazemwo amezi arenga 10.

Ico kinogo catowe kw'ibararabara ry'icenda muri quartier ya Mutakura muri zone ya Cibitoke mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Mutakura ikaba ari quartier yabayemwo imyirekano myinshi y'abatemera ikiringo ca gatatu mu nyuma haduka intureka n'ibigwanisho.

Igipolisi n'abakuru b'igisagara bemeza ko baheretswe n'abanyagihugu hamwe na bamwe mubo bita inkozi zikibi bishikanye.

Ico kinogo kimaze gufukurwa habonetsemwo ibisigarira vy'abantu batatu n'agahanga kamwe ariko umukuru w'igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yavuze ko amakuru bafise aruko abataweyo bashobora kuba barenga 30.

Ntawuramenya abo bantu abaribo, igihe biciwe, n'ingene batawe aho hantu ariko umukuru w'igisagara yemeza ko ari abantu bahorwa ko batari bashigikiye imigumuko.

Bubaye ubwa mbere abajejwe umutekano n'intwaro batora ahoba harahambwe abantu bamwe bamwe bagiye mu ntureka zimaze amezi arenga cumi.

Abatavuga rumwe na leta bagumye bemeza ko hari abantu bafatwa n'abajejwe umutekano hanyuma ntibasubire kubonwa irengero canke bagatorwa ibiziga.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Amasanamu ya satellite ya Amnesty International ya hoba harahambwe abantu ikivunga.

Mu kwezi kwa mbere ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty international, ryari ryerekanye amasanamu ya satellite y'ahantu hoba harahambwe abantu ikivunga muri komine Gihanga ariko leta irabihakana.

Gusa umukuru w'igisagara yemeye ko mu bantu bishwe itariki 11 ukwezi kwa 12 hari 58 bahambwe n'abajejwe intwaro n'umutekano mu matongo y'abapfuye azwi.