Umuyaya yishe umwana w'imyaka ine

russia Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuyaya yishe umwana w'imyaka ine

Igipolisi ca Moscou cafashe umugore umwe afise umutwe w’umwana.

Video yerekana uwo mugore ariko aratambuka hagufi y’aho bafatira imodoka, afise uwo mutwqe mu minwe.

Yaciye afatwa n’igipolisi caciye kimujana kumupimisha ko akomeye mu mutwe.

Uwo mupfasoni Gyulchekhra Bobokulova, ava mu gihugu ca Uzbekistan, yagirizwa kwica uwo mwana w’umukobwa, imbere y’uko aturira inzu y’abavyeyi biwe.

Amasanamu ya CCTV yerekana uwo mupfasoni yambaye impuzu z’aba islam ariko aratambuka hanze y’aho bafatira imodoka afise uwo mutwe mu ntoke.

Uwujejwe umutekano umwe araboneka ariko aramufata imbere yo kumufunga amapingu.

Umupfasoni Bobokulova yafashwe ubu ariko arapimwa kugira bamenye ko ashobora kwemanga ivyo yakoze.

Inkuru ziva mu biro bijejwe iperereza mu gisagara ca Moscou zivuga ko “ abapolisi batanguye iperereza ryo kumenya icatumye uwo mwana apfa, umubiri wiwe ukaba watowe mu karere ka Narodnoye Opolcheniye, mu burengero bwa Moscou”.

“Amatohoza yari yamenyekananye n’uko uwo muyaya yari afise akazi ko gucunga uyo mwana ari hagati y’imyaka 3-4, yarindiriye abavyeyi biwe na musazawe mukuru ko bagenda hanyuma abona kumwica, hanyuma aca aturira inzu yabo.

“Icatumye akora ivyo bintu ntikiramenyekana ariko twafashe uwo muyaya yavukiye mu gihugu ca Uzbekistan mu 1977,” ni koi zo nkuru zivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Ren TV
Image caption Amasanamu ya CCTV yerekana uwo mupfasoni yambaye impuzu z’aba islam ariko aratambuka hanze y’aho bafatira imodoka afise uwo mutwe mu ntoke.

Uwundi mupolisi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko “ uwo mwana yaciwe umutwe, umubiri wiwe na wo uraturirwa.”

Umutwe wiwe ntiwatowe aho yiciwe. Inkuru z’ikinyamakuru Life News, uwo mugore yabajijwe n’abapolisi bakorera mu kibanza mu kibanza bafatiramwo ingendo ca Oktyabrskoye Polye, ibimuranga.

Ni ho yaca asohora uwo mutwe awukuye mw’isakoshi yari afise avugira hejuru ko akora iterabwoba, kandi ko yari kwituritsa.