DiCaprio aza yaronka agashimwe Oscar

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption DiCaprio yatsindiye Oscar y'umukinyi yarushije abandi kuri filme The Revenant.

Umukinyi w'amareresi canke film w'umunye Amerika, Leonardo DiCaprio, ku nshuro ya mbere yatsindiye agashimwe Oscar i Los Angeles.

Film yitwa Spotlight, yerekeye umunyamakuru yagize itohoza ku gushurashuza abana kwakozwe n'abapatiri ba Gatolika, yatsindiye Oscar y'isanamu nziza.

Agashimwe k'umukinyi yarushije abandi mu bagore karonse Brie Larson kuri film Roon, yerekeye umuvyeyi akiri muto yanyurujwe ari kumwe n'umuhungu wiwe.

Agashimwe k'umukinyi mwiza mu bagabo katwawe na Leonardo DiCaprio, kuri film The Revenant, yerekeye umugabo yakora akazi ko kudandaza insato muri Amerika ya ruguru mu kinjana ca 16, ahura n'ingorane zikomeye hamwe n'ubugambanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Leonardo DiCaprio muri film The Revenant

Yakira ako gashimwe, DiCaprio yavuze ko iyo film yerekeye kandi ihindagurika ry'ikirere ngo mu gihe ubushuhe bwiyongereye cane, ngo bakaba bararinze kuja kure hashobora mu bumanuko bw'isi kugira baronke urubura mu gukina iyo film.

DiCaprio yari amaze guhakwa kuronka ako gashimwe inshuro zitanu.

Umunye Mexique yatunganije iyo film, Alehandro Inarritu, yaronse agashimwe Oscar k'umuhinguzi wa film yarushije abandi.

Agashimwe ka film y'inyamahanga yarushije izindi katwawe na film Son of Saul yo muri Hungaria, yerekeye ubuzima mu nkambi ya Auschwitz mu gihe c'ihonyabwoko ry'Abayahudi ryakozwe n'aba Nazi bo mu Budage.