Hasubiye kuvugwa gukura icizere kuri Zuma

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatavuga rumwe na bwana Jacob Zuma bamwagiriza igiturire hamwe no kudindiza ubutunzi bwa Afrika y'epfo

Ku nshuro ya kabiri mu mwaka umwe, inama nshingamateka ya Afrika y'epfo yize ku kibazo co gukura icizere ku mukuru w'igihugu Jacob Zuma.

Mu nama yarimwo urwamo rwinshi, umwe mu bakuru b'abatavuga rumwe na leta, Mmusi Maimane, yavuze ko bwana Zuma ata kindi agamije atari kwirundako ubutunzi.

Yagirije umukuru w'igihugu Zuma kuba afata minenerwe ikibaza c'ubutunzi igihugu gifise.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC, ufise ubwinshi bukwiye mu nama nshingamateka, kandi abamenyeshamakuru bavuga ko ingingo yo gutora ngo bwana Azuma akurweko icizere ata mahirwe ifise yo kurengana.

Abatavuga rumwe na leta kandi baramaze gushinga urubanza muri sentare bizera ko ruzotuma ibirego vy'igiturire vyagirizwa bwana Zuma bigarukanwa.