Liberat Mpfumukeko ni we munyamabanga mushasha wa EAC

tanzania
Image caption Abakuru b'ibihugu ba EAC bemeje ingingo zitandukanye harimwo gutora umunyamabanga mushasha

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubuseruko bwa Afrika, EAC, umurundi Liberat Mpfumukeko yatorewe kuba umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe.

Liberat Mpfumukeko asubiriye umunyarwanda Richard Sezibera.

Muri iyo nama nyene, uwahoze arongoye igihugu ca Tanzania Benjamin William Mkapa, yagenywe mu mabanga yo kuba umuhuza w’abarundi, akaba asubiriye prezida Yoweri Museveni.

Izindi ngingo zafashwe muri iyo nama, n’uko Sudan y’epfo kibaye igihugu kigira gatandatu cinjiye mu mw’ishirahamwe rya EAC.

Uwufise ububasha kw’isanamu Statehouse Tanzania
Image caption Uvuye i bubamfu, prezida John Magufuli wa na Tanzania na Yoweri Museveni wa Uganda

Iyo nama kandi yemeje ko prezida John Pombe Magufuri abandanya arongoye iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka.

Ibindi bisa n’ibi