Abakuru b'ibihugu vya EAC baraganira ku mpuzu za Mitumba

tanzania
Image caption Impuzu n'ibirato vya Mitumba bikunzwe n'abantu bafise amikoro make

Abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, barahura uyu musi mu gisagara ca Arusha, muri Tanzania, kimwe mu biza kwigwa akaba ari ukubuza iyinjizwa ry’impuzu zambawe n’ibirato(mitumba).

Ukubuza izo mpuzu n’ibirato ni bimwe muvusabwe mu ntumbero yo guteza imbere amahinguriro y’impuzu mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Amareta ya Afrika yo mu buseruko yagumye yamirira kure iyinjizwa ry’impuzu n’ibirato vyambawe, ko ari vyo bituma amahinguriro y’impuzu n’inshato yugara.

Izo mpuzu kenshi zirakunzwe n’abantu cane cane bafise amikoro make kubera zigurwa make.

Hanyuma kandi zitanga akazi ku bantu badafise imitahe minini.

Abo bategetsi kandi baraganira ivyerekeye kugabanya igitigiri c’amamodoka yakoze yinjira mu aka karere, mu ntumbero yo gufasha amahonguriro akora imodoka yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Abaprezida Paul Kagame(Rwanda), Uhuru Kenyatta(Kenya) na Yoweri Museveni( Uganda) nib amaze gushika Arusha muri iyo nama.

Icipfuzo ca Sudan y’epfo na Somali co kwinjira muri uwo murynago na co nyene kiraza kwihwezwa.

Muri iyo nama, abo bategetsi vyitezwe ko baza gutanguza igitabo c’inzira ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bihuriyeko vyose gikozwe ku buhinga bwa none(electronique).