Inyama y'imbwa iragurishwa muri Ghana

ghana
Image caption Imbwa ni umugenzi cane w'ikiremwa muntu

Imbwa n’umugenzi akomeye w’ikiremwa muntu.

Ivyo birazwi hose kw’isi haba muri Afrika, I Buraya, muri Amerika eka mbere no muri Amerika y’epfo.

Mu bisanzwe, kurya imbwa nibidakorwa henshi muri Afrika, ariko si ko biri mu gihugu ca Ghana.

Umumenyeshamakuru wa BBC wo mu gisata ca BBC Afrika, Akwasi Sarpong yaratangaye igihe yariko aratembera hirya no hino mu gihugu ca Ghana aho yahura n’abadandaza benshi bafise inyama ku mahera make cane, ku mpande z’ibarabara mu gisagara ca Kandiga.

Kandiga ni igisagara gito kiri mu buraruko bwa Ghana.

Inyama ikunzwe cane mu buraruko bwa Ghana ni nk’impene ikaranzwe canke inkoko y’ikirundi itetse, bigurishwa mu mihana n’ababitemberana.

Image caption Inyama y'imbwa iragurishwa muri Ghana

Akwasi avuga ko umutwe utetse w’imbwa ugugwa ama cedis 14, n’ukuvuga $3.60.

Umurizo w’imbwa ugurwa cedis 15, n’ukuvuga $3.80.

Ibindi bipande bitobito vy’inyama y’imbwa itetse bigurwa cedis imwe.

Uvyemere canke ntuvyemere!

Kuva abashinwa batanguye kuza bakurikira ubutunzi no kwubaka amabarabara y’indarayi, bava mu gihugu kimwe baja mu kindi, ni ho vyamenyekana ko imbwa ari inyama ikunzwe cane iwabo.

None ubwo ntibiri hose?

Ibindi bisa n’ibi