Korea ya ruguru yishuye ku bihano Onu yayifatiye

north korea Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Korea ya ruguru yagerageje rocket zidashika kure

Korea ya ruguru yateyemissile zidashika kure mw’ibahari mu kwishura ku bihano bishasha yafatiwe n’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi.

Igisirikare ca Korea y’epfo cemeje ko cavyiboneye baca bavuga ko ata n’umwe vyari bitumbereye.

Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko hashobora kwaguka imishamirano kuri iryo zinga kubera ivyo bihano.

Korea ya ruguru yaragerageje ibirwanisho vya nucleaire mu mwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong Un

Ibihano bishasha bitegekanya ko ibintu vyose vyinjira muri Korea y’uburaruko ivuye hanze bizobanza gusakwa, kandi abantu benshi n’amashirahamwe na bo nyene bafatiwe ibihano.

Ibindi bisa n’ibi