Ikareso itukura n'umufa w'inkoko ni umugisha mu bibazo

china Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyeshure bakoresha ubuhinga bwinshi kugira batore ibibazo

Mu gihe co gukora ibibazo kiba igihe kitoroshe ku bantu benshi, na cane cane muri Asia y’ubuseruko, aho abantu baba bashaka gushaka kumenya vyanka bikunda.

Mu migenzo abo, abanyeshure bose bafise ingengabitekerezo n’ukwemera kwabo, kwaba ukuririmba, kurya indya idasanzwe canke kwambara impuzu babonamwo amahigwe.

Ibi ni bimwe mu bikoreshwa hose muri Asia n’abanyeshure kugira bamenye cane mu bibazo:

 Kurya icamwa citwa pomme ku musi
Image caption Icamwa co kwiga: Pomme

Inzu z’uburiro mu makaminuza ya Hong Kong ziha abanyeshure pomme n’indya zikorwa hakoreshejwe ico camwa mu gihe himirije ibibazo. “Pomme mu gishinwa ivugwa ngo “ping guo” bisigura “neza”, kuri ivyo rero bivugwa ko uheza ibibazo neza,” nk’uko bivugwa na Chong Wang, w’I Nanjing mu Bushinwa.

 Kutoga mu maso
Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK
Image caption Ntiwoge mu maso uzoba uriko urakuramwo ubumenyi

Mu gihe wokwibagira kwoga canke na cane cane mu maso, ntugire ikibazo, muri Korea y’epfo bivugwa ko umuntu yoze mu maso, aba yogeje ubumenyi bwiwe bwose buri mu mutwe.

“Hari umusore umwe atigera yoga mu maso yiwe imbere y’uko akora ikibazo, yama ari mwiza buri musi ariko umusi w’ikibazo ntiwashobora kumwegera,” ivyo vyavuzwe n’umunyeshure kuri mugenzi we bigana mw’ishure.

 Kurya ibintu bimeze nk’ibiyoba (noix de cajou)
Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK

Ukwezi kumwe imbere y’ibibazo mu gihugu ca Hong Kong, abanyeshure abanyeshure barahurira hamwe mu bikorwa bitandukanye, bitanguzwa no gufungura ku mugoroba kizwi kw’izina rya ging guo.

Bemera ko ivyo bikorwa bifasha abanyeshure gutora ikibazo bafise amanota menshi.

Ni ngombwa ku banyeshure ko muri izo ndya barya inyama y’ingurube bakayikoza ivyo bintu bias n’ibiyobe(noix de cajou).

Izo mfungurwa ziboneka mu nzu z’uburiro zo mu Bushinwa aho noix de cajou izwi kwizina “kwitega kumenya”, n, “ inyama y’ingurube” ikitwa “ipfa ryo kuronka amanota menshi”.

 Inguvu z’inkoko

Umufa w’inkoko uvugwa ko wongereza ubwenge.

Abanyeshure bo muri Malaysia, Hong Kong, Singapour n’Ubushinwa, banywa umufa w’inkoko mukwitegurira ibibazo, no mu gitondo bitegurira kuja gukora ivyo bibazo.

“Si uburozi,” nk’uko bivugwa na Dylan Lee Yoong, umunyeshure ava muri Singapour ari muri kaminuza ya London.

“Naranyoye umufa w’inkoko mu gitondo ngira nje gukora ikibazo, igishushe. Igufasha kudasamara kandi ni benshi bayinywa muri Singapour.”

 Kwambara ikareso itukura
Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK
Image caption Ikareso itukura itanga umugisha

Ibara ritukura riremewe cane mu Bushinwa ko ari ibara ritanga amahigwe.

Abantu benshi rero bakunda kwambara impuzu itukura na cane cane ikareso mu gihe c’ibibazo.

Mu gihe umuntu umuntu ashitse k’uco yashaka hari imvugo bakunze gukoresha mu gishinwa ngo, “Wambaye ikareso itukura?”

Ariko Chong Wang aragabisha:” abantu bamwe bamwe baranka kwambara irangi ritukura mu gihe c’ibibazo kubera mu Bushinwa mu kwandika abananiwe babandikisha irangi ritukura.”

Ibindi bisa n’ibi