British Airways yemeye indishi ku bana bashurashujwe

uk Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Indege y'ishirahamwe British Airways

Ishirahamwe ry’indege rya British Airways, ryemeye kuriha indishi y’akababaro umugwi w’abana bashurashujwe n’umwe mu badereva baryo, bo mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko, nk’uko BBC yamenye izo nkuru.

Indishi y’akababaro yatanzwe ariko ntiramenyekana uko ingana.

Simon Wood, yagirizwa kuba yasurashuje abana mu gihugu ca Tanzania, Kenya na Uganda hagati y’imyaka ya 2003 na 2013, igihe yariko arakora akazi ku gushaka kwiwe.

Yiyahuye mu 2013, inyuma y’aho ivyo bimenyekaniye.

N’aho iryo shirahamwe ryo gutwara indege ryemeye gutanga iyo ndishi, ntiryigeze ryemera ivyo ryagirizwa.

Simon Wood yaratahukanye agashimwe mw’ishirahamwe rya British Aiirways, kubera akazi kiwe ko gufasha abatishoboye mu bigo vyo kurera impfuvyi muri Afrika mu myaka itatu iheze.

Yagirijwe gushurashuza umwana mu Bwongongereza, aca ariyahura.

BBC yamenye ko abakozi ba British Airways bagabishijwe ku nyifato yiwe muri Kenya mu mwaka 2004.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Simon Wood

Abana 38, muto muri bo yari afise imyaka ine gusa igihe yakorerwa ivyo, ni bo bitwariye iryo shirahamwe ry’indege.

British Airways ivuga ko biteye ubwoba n’aho itaremera ivyo yagirizwa, yemeye kuriha indishi z’akababaro.

Ababuranira abakorewe icaha bavuga ko abatanga ubuzi bwo kuja gufasha abantu, bategerezwa gufata ingingo zose zituma batagirira nabi abo bagiye gufasha.

Ibindi bisa n’ibi