Igipolisi ca Brezil casatse inzu ya bwana Lula

brasil Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Lula Da Silva yatwaye Brasil ibiringo bibiri.

Igipolisi ca Brezil casatse inzu y’uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Luis Inacio Lula da Silva, mu matohoza y’ubusuma afitaniye isano n’ishirahamwe ricukura ibitoro Petrobras.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yahaswe ibibazo, nk’uko izo nkuru zibivuga.

Lula, yavuye ku butegetsi mu 2011, yarahakanye ivyo yagirizwa vy’ibiturire.

Ayo matohoza amaze umwanya muremure, azwi kw’izina rya “Operation Car Wash”, yerekeye ibiturire n’amahera yaciye mw’ishirahamwe rya Petrobras.

Abategetsi bavuga ko imitahe yo guhagarika abantu 33 hamwe n’iyindi 11 yo gupfunga abantu igiye kurungikwa.

Abapolisi 200 bakwiragijwe mu ntara ya Rio de Janeiro, Sao Paulo na Bahia.

Inzu ya Lula iri I Sao Bernardo, hagufi ya Sao Paulo, yasatswe kare mu gitondo ku wa gatanu.

Ahari icicaro gikuru c’ikigo c’uwo yihoze arongoye Brezil I Sao Paulo na ho nyene hasatswe, co kimwe no mu bibanza vy’umwe mu bahungu biwe, Fabio Luis.

Bimwe muvyo bashaka kumenya n’uko amashirahamwe y’ubwubatsi agirwako amatohoza yoba yararishe amahera yo kwubaka amazu ya prezida Lula.

Abantu barenga mirongo ibiri barahagaritswe canke bariko bagirwako amatohoza kuba basinyiye amahera arenze urugero n’ishirahamwe Petrobras, ayo mahera agaca akoreshwa mu biturire.

Lula yatwaye ibiringo bibiri ari umukuru w’igihugu, akaba yakorewe mu ngata muri ayo mabanga na mpfampfe wiwe, Dilma Roussef