Trump yifatiwe mu gahanga n'abo bahanganye

america Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Donald Trump

Uwuhiuganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Donald Trump yifatiwe mu gahanga na bagenzi we mu kiganiro co guharira ku migambi mu mugambwe w’aba republicains, umwanya muto inyuma y’aho abanyepolitike babunyoye b’uwo mugambwe, bahamagariye abantu kutamutora.

Trump, aza imbere mu majwi yo gutora uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu, yihagazeko mu kwisigura ku vyo yagirizwa na Marco Rubio na Ted Cruz.

Muri ico kiganiro cabereye I Detroit, Trump yemeye ko yahinduye aho yahora ahagaze ariko yongerako ko guhinduka ari inguvu atari ukubura integer.

Bamwe mu bayoboke b’uwo mugambwe bakomeye bavuga ko Trump ntakwiye kandi ntashobora gutsinda mu matora ya prezida azobahuza n’aba democrats.

Ico kiganiro categuwe na television ya Fox News watanguye Trump abazwa kuvyo Mitt Romney, yitoje mu 2012, yavuze ko ari acokozanya kandi yuzuye urwanko.

Trump yamiriye kure Romney aca avuga ko ari “Uwiyamamaje yatsinzwe”.

Ariko rimwe yigeze kwifatirwa mu gahanga na Rubio.

Uwo mukenguzamateka w’intara ya Florida yavuze ko atazotanga imihoho imbere y’umuntu akivuga ko “nuclear triand”(umurundo w’inkoho za nuclaire) ari urutare kuva mu myaka ya 1980.

Ibindi bisa n’ibi