Hasubiye guterwa grenade mu gisagara ca Bujumbura

Image caption Umuvigizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye, avuga ko ahakomeretse benshi ari mu Kinama.

Abantu 11 baraye bakomeretse mu bitero bitatu vy'amagrenade mu gisagara ca Bujumbura, benshi bakomerekera mu Kinama, quartier Ruyigi.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko umuntu yateye grenade kw'ibarabara rya 14 ahantu hogerezwa ama moto n'ama taxi velo hakomereka abantu 10, harimwo batatu bababaye cane, aho hari nka saa moya z'ijoro.

Iyindi grenade yatewe nka saa moya n'iminota 45 kuri bisi Coaster ahitwa Gare du Nord mu Kamenge, ikomeretsa umuntu umwe.

Iya gatatu yatewe aho mu Kamenge nyene muri ayo masaha muri quattier Twinyoni, ngo ariko ntaco yononye.

N'amasasu yumvikanye

Iruhande y'ahahora radio RPA hari amasasu yahumvikaniye.

Ngo bari abapolisi bariko baratesha abariko bariba ivyuma vy'amatara yo kwibarabara, ngo ariko ntacononekaye.

Ibitero vya grenade mu gisagara ca Bujumbura, n'aho ata mugwi uravyiyitirira, bigaragara ko ari bwo buryo abarwanya leta y'u Burundi bahisemwo gukoresha ngo bayigondoze.

Leta y'u Burundi ariko yoyo ivuga ko ivyo ataho bitaniye n'ibikorwa vy'iterabwoba, ngo kandi bikunze kwiyongera iyo hari abashitsi bo ku rwego rwo hejuru bagendeye canke bagire bagendere u Burundi.