Musenyiri Welby yahejeje urugendo mu Burundi

Image caption Justin Welby avuga ko ivyo yavuganye na Prezida Pierre Nkurunziza ari ibanga

Musenyeri mukuru wa Canterbury akaba n'umukuru w'ishengero rya Anglican kw'isi, Justin Welby, yarangije urugendo rw'iminsi itatu mu Burundi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Justin Welby yagize ati ''ibintu vyifashe nabi cane ari naco gituma ndushirizaho guhamagarira abantu gusubiza hamwe no gusenga''.

Yavuze ko bikenewe kwitanga (sacrifice) kugira habe ugusubiza hamwe, ibintu ngo bifise ikiguzi kinini cane.

Justin Welby yaragendeye ama quartiers amwe amwe y'igisagara ca Bujumbura, arashika no mu gihugu hagati mu Kayanza.

Yabandanije agira ati ''hari ingaruka zikomeye ku butunzi n'ukuvuga ku bakene, barya badafise ingene bikingira ihungabana ry'ubutunzi."

Yasavye abatunze n'abari mu bibanza vy'imbere kwitanga mu gukingira abakene.

Gufasha u Burundi

Justin Welby yavuze ko azovugira u Burundi muri leta y'Ubwongereza, ko azokwandika n'amakete kugira u Burundi bushigikirwe.

Imfashanyo y'Ubwongereza ku Burundi biciye mu gisata c'Ubwongereza kiraba iterambere mpuzamakungu, DFID, igize igihe yarahagaze.

Musenyeri mukuru wa Anglican mu Burundi, Bernard Ntahoturi, yari kumwe na Justin Welby muri ico kiganiro yavuze ko azosaba ko iyo mfashanyo yosubira.

Image caption Umukuru wa Anglican kw'isi, Justin Welby, n'umukuru wa Anglican mu Burundi, Bernard Ntahoturi, biyemeje gusabira u Burundu kudohorerwa ku mfashanyo.

Leta y'Ubwongereza ngo iramaze kwemera kurungika uwuzoza gufasha gukomeza amahoro mu Burundi hanyuma imigambi y'iterambere ibone gukurikira.

Musenyeri Justin Welby yarabonanye n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Ariko yavuze ati ''ntaco mvuga ku vyo twavuganye kuko wari umubonano wa twebwe babiri mw'ibanga (private meeting)'', kiretse ariwe ashatse kugira ico abivuzeko.

Ishengero rya Anglican rigira kabiri mu yafise abakristu benshi mu Burundi inyuma ya Katolika.

Rifise abarenga umuliyoni n'ibihumbi ijana (abarenga 10 kw'ijana y'ababa mu Burundi).

Musenyeri mukuru wa Canterbuery yavuye mu Burundi aja mu Rwanda.