Muri Benin bariko baratora umukuru w'igihugu

Image caption Kwiyamamaza mu matora y'umukuru w'igihugu ca Benin kwabaye mu mwuka mwiza

Abakandida 33 nibo bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, cumi muribo bakaba ari abakorana n'umukuru w'igihugu ahejeje ikiringo, Yayi Boni.

Mu bitoza kandi harimwo abagwizatunga babiri hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'iki gihe.

Amatora abera ku biro vy'amatora 7.908, bikaba vyuguruye guhera saa moya z'igitondo ku masaha yo muri Benin, bikaza kwugara saa kumi.

Ariko kwugara ivyo biro birashobora kwigizwa inyuma mu bice bimwe bimwe vy'igihugu aho batanguye gutora batevye, nk'uko bitangazwa n'umugwi ujejwe amatora.

Kubera ingorane zibonekeje mu gutegura no gutanga amakarata y'itora, umugwi ujejwe amatora waremeye ko hashobora gukoreshwa amakarata ya kera mu turere 12 tw'igihugu.

Amakarata mashasha y'itora ntiyashoboye gucapwa mu turere tubiri kubera umwanya utari ukwiye, nk'uko bitangazwa kandi n'umugwi ujejwe amatora.

Kwiyamamaza vyaheze kuwa gatanu, abakandida bakaba bari bamaze indwi zibiri biyamamaza.

Nta ngorane zikomeye zigaragaje, ibikorane vya politike bikaba vyarabaye mu mwuka mwiza.