Islamic State iriko ihindura abana abicanyi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icegeranyo cagiriza Islamic State guhindura abana abicanyi

Icegeranyo gishigikiwe na ONU kivuga ko Islamic State mu bice igenzura, iriko irahindura abana mu mitwe ngo bazobe abiyahuzi n'abasumyi b'urusaku.

Ico cegeranyo ciswe Children of Islamic State, canke abana b'umugwi wiyita leta ya Islam, kivuga ko abo barwanyi bamenyereza abana kwica mu kubereka amasanamu y'abariko baricwa.

Ngo banabakinisha umupira w'amaguru bakoresheje imitwe y'abantu yaciwe.

Abakora itohoza basanze abana bakurira mu cibare uwo mugwi wise caliphate, bafatwa nk'abatagira inenge n'abo babigisha kuko bobo bavuga ko bahumanijwe n'ibiranga ubuzima bw'abatagendera ku vy'amadini.

Ico cegeranyo catunganijwe n'ibigo Quilliam Foundation c'i London hamwe na Romeo Dallaire Child Soldiers Initiative in Canada, kizoshikirizwa inama nshingamateka y'Ubwongereza kuwa gatatu.