Amaziko y'umuhisi Turabi yitabwe n'ibihumbi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hassan Turabi yatunganije politike ya ki Islam Sudani igenderako

Ibihumbi vy'abantu muri Sudani bitavye amaziko ya Hassan al Turabi, yahoze ari umurongozi wa ki Islam akomeye muri ico gihugu.

Bwana Turabi yashengeye ejo kuwa gatandatu afise imyaka mirongo umunani n'ine.

Abarongozi muri leta bari muri abo bitavye ayo maziko ku murwa mukuru Khartoum.

Hassan al Turabi yarigeze kuba akorana vya hafi n'umukuru w'igihugu Omar al Bashir, ariko yarapfunzwe imyaka myinshi nyuma y'aho bashwaniye.

Niwe yari kw'isonga mu batunganije politike ya ki Islam Sudani igenderako, ivyiyumviro vyiwe kandi bikaba vyaranakurikijwe na benshi hakurya y'imbibe za Sudani.