Abimukira 18 basomye nturi hafi ya Turkiya

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abimukira bagerageza gushika mu Bugiriki bavuye muri Turkiya

Ibiro ntaramakuru vya leta ya Turkiya bivuga ko abimukira cumi n'umunani basomye nturi hafi y'inkengero za Turkiya bashaka kuja mu Bugiriki.

Ivyo biro bivuga ko cumi na batanu barokowe, bakaba bariko bararondera abandi boba bakiri bazima.

Ku rundi ruhande, abimukira amajana atatu na mirongo itandatu n'umunani, nabo bariko baragerageza kujabuka ibahari bavuye muri Turkiya, batabawe bari hafi y'izinga rya Lesbos mu Bugiriki.

Ibi bishitse buca haba inama yihutirwa hagati y'ishirahamwe rya Buraya na Turkiya, yerekeye ikibazo c'abimukira.