Urubanza rw'abashatse kugira coup d’Etat.

burundi Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY
Image caption Gen Cyrille Ndayirukiye, icegera c'umukuru w'umugwi washatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze

Uno munsi hongeye gutangura urubanza rw’abantu 28 bakurikiranwa ku caha co kugerageza gutembagza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu mu mwakam uheze.

Urwo rubanza ubu rugeze mu gisata c’iyungururizo ca sentare ntahinyuzwa ari nayo yaruciye mu gisata ca mbere mu kwezi kwa mbere guheze.

Umushikirizamanza yarunguruje kuko atashimye urwaciwe ubwa mbere , abaruciriwe nabo nyene barunguruza kuko batashimye ingene rwari rwagegenze.

N’abasaba indishi y’abababaro ku vyo bononewe barunguruje kuko mu rurubanza rwa mbere ivyo basaba ata nyishu babironkeye.

Intahe y’uno munsi yabaye ahanini yo gusuzuma ko impande zose ziburana zahanahanye ibirego n’ivyireguro. Benshi mu barengwa ntavyo bari bwatange , bamwe baciye babishikiriza ubwo nyene , abandi basaba ikiringo co guheraheza kubitegura.

Nk’uko vyabaye mu rubanza rwa mbere , n’uno munsi haje ikibazo c’abunganizi mu mategeko .

Image caption Bamwe mu bagirizwa coup d'Etat imbere ya sentare

General Cyrille Ndayirukiye ari na we iyo dossier yitirirwa co kimwe na general Zenon Ndabaneze babajije sentare nimba abashingwamanza babo batswe ubureganzira bwo kubandanya babunganira mu rubanza rwa mbere ubu borekurirwa kubafasha.

Inyishu ya sentare yabaye ko iyo ngingo ari ntabanduka, baca bahabwa igihe co kurondera abandi.

Ku bibazo vyose bitari bwaje ku murongo, sentare yatanze ikiringo c’ukwezi kugira uwo wese hari ico atararonka azobe yagitunganije n’imiburiburi indwi zibiri imbere y’isango rikurikira.

Urubanza rwasasiye i Gitega nk’uko n’urundi ariho rwaciriwe itariki 15 ukwezi kwa mbere.

Ku bantu 28 bari mu rwa mbere, babiri bonyene ni bo batitavye, abo bakaba bari muri 7 bambitswe izera baca barasohoka ibohero.

Mu rubanza rwa mbere, 4 barimwo general Ndayirukiye baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose , icenda bacirirwa imyaka 30, 8 bakatirwa gupfungwa imyaka itanu.

Umushikirizamanza we yari yasabiye bose igihano co gupfungwa ubuzima bwose na bo bunguruza bavuga ko mu rubanza rwa mbere hari vyinshi bitagenze neza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gen Niyombare Godefroid yari arongoye umugwi w'abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi

Ikibazo kitigeze kironka inyishu mu rubanza rwa mbere n’icabasaba indishi y’akababaro ku vyo bavuga ko bononewe mu gihe haba igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa 5 mu mwaka uheze.

Aho harimwo radio television rema fm yasambuwe uwo munsi, umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ubujejwe umutekano na bo nyene bakaba barunguruje.

Sentare yashinze ko urubanza ruzosubira guhamagarwa itariki 11 ukwezi kwa kane uyu nmwaka.

Ibindi bisa n’ibi