Inama y'abategetsi ba Turkia na EU ku bimukira

europe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP GETTY
Image caption Igihugu ca Turkia n'Ishirahamwe rya EU biriko birumvikana kugabanya igitigiri c'abimukira baja i Buraya

Abategetsi ba Turkia na EU bari mu nama I Bruxelles yo kwihweza ingene ikibazo c’impunzi zinjira I Buraya cotorerwa inyishu.

Abategetsi ba Turkia n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Uburaya bahuriye I Bruxelles mu nama y’ikitaraganya yerekeye gutorera inyishu ikibazo c’impunzi cabaye ndanse kuva habaye intambara ya kabiri y’isi.

Uburaya bwemereye Turkia imiliyaridi 3 z’ama Euro mu ntumbero yo guha indaro abimukira no kubabuza kubandanya baja I Buruya.

Mu mwaka uheze, abantu barenga umulioni barinjiye I Buraya mu mpisho bakoresheje ubwato, benshi baciye muri Turkia no mu Bugiliki.

Abashika 13,000 baracari ku rubibe rw’Ubugiliki bahana na Macedoine, mu gihe ibihugu vya Buraya bigihiga ingene vyogabanya igitigiri c’abinjira.

Otan yaguye ibikorwa ry’abwo ikoresheje amato mu gutuza abantu binjira rwihishwe baciye mu kiyaga vya Egee bagana amazi ya akikuje Turkia n’Ubugiliki, kandi bagwiza n’ugufashanya n’ishirahamwe rijejwe gucungera imbibe za Buraya, FRONTEX muri ako karere.

Ubwongereza bwamenyesheje ko ubwato bwabwo bwibira RFA Mounts bugiye guhamvya muri ako karere ubwo Ubudagi, Canada, Turkey hamwe n’Ubugiliki.

Abimukira benshi bahunga intambara ziri mu turere twa Syria na Irak, babandanya babandanye kugira ingendo zo kwigerezako baciye mw’ibahari bava muri Turkia bagana amazing y’Ubugiriki.

Abantu babandanya kuhasiga ubuzima aho nko kuri uyu w’Imana, ubwato bwibiye bugahitana abantu 25.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abimukira bavuye muri Turkia bashitse baja mw'izinga ry'Ubugiliki rya Lesbos

Ibihugu vya Buraya ntibivuga rumwe ku muti wotorerwa ico kibazo, aho biboneka ko muri uyu mwaka, n’ibihugu vy’Ubudagi na Suede, bisa n’ivyugururiye imiryango impunzi gusumba.

Imigambwe ibarwanya abimukira yaratsinze amatora mu gihugu ca Sovaquie ku musi wa gatandatu, bikaba vyatumye ironka intebe nyinshi mu nama nshingamateka.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Angela Merkel hamwe n’uwa Hollande Mark Rutte barabonanye na mugenzi wabo wa Turkia, Ahmed Davutoglu, mu nzu nserukiragihugu ya Turkia I Bruxelles mw’ijoro ryo ku w’Imana, kugira bategure iyo nama.

Vyitezwe ko ibihugu 28 bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bisaba Turkia gusubiza inyuma impunzi ibihumbi n’ibihumbi, badafise uburenganzira bwo kwitwa impunzi, mu kugerageza kugara umuhora uca mu bihugu bigize Balkan ugana mu buraruko.

Mu ndwi iheze, prezida w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, Donald Tusk, yari abwiwe na prezida wa Turkia, Recep Tayyip Erdogan, ko igihugu ciwe citeguye gusubiza inyuma impunzi zose zafatiwe mu mazi ya Turkia.

Ibindi bisa n’ibi