Umumenyeshamakuru yagabiwe imiliyoni 55$ na sentare

america Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Erin Andrews

Umumenyeshamakuru w’inkino mu gihugu ca Amerika, Erin Andrews, yagabiwe imiliyoni 55 z’amadollar inyuma yo gufatwa amafoto ari gusa n’umuntu yariko aramukurikirana.

Inyuma y’ijoro rimwe ry’ibiganiro, abashashe muri urwo rubanza basanze afise icaha ku bice 51 kw’ijana, baca bategeka amahoteli abiri kuriha imiliyoni 27 z’amadollar.

Umupfasoni Andrews, umumenyeshamakuru w’inkino kuri television ya Fox, yafotowe mu mwaka 2008 bacishije mu mwenge w’umuryango w’ihoteli na Michael David Barret, yaciye ashira izo foto ku rubuga ngurukanabumenyi.

Yarize igihe iyo ngingo yariko irafatwa, aca agwa munda abamuburanira n’umuryango wiwe.

Mu nyuma mw’itangaz ryashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa twitter, yashimiye abo bacamanza, abamuburanira n’umuryango wiwe.

Ibindi bisa n’ibi