Prezida wa Mexico agereranya Trump na Hitler

america Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Trump ni we ahabwa amahigwe menshi mu mugambwe w'aba republicains

Umukuru w’igihugu ca Mexico, Enrique Pena Nieto, yavuze ko imvugo ikoreshwa n’uwuhiganirwa kwitoza mu kibanza ca prezida mu mugambwe w’aba republicains, Donald Trump, ari yo yakoreshwa na Adolphe Hitler na Benito Musolini.

Ivyo yabivuze ariko arishura ku bibazo n’ikinyamakuru ca Excelsior, bikaba vyanditswe ku musi wa gatatu.

Uwo mutegetsi yavuze ko ivyo Trump avuga vyateye ikibazo c’imigenderanire hagati ya Mexico na Amerika, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru, AP.

Abajijwe ivyerekeye Trump, Pena Nieto yavuze ko ivyo uwo ari mw’ihiganwa ariko arakora n’ivyo ariko aremera kuzokora “vyigeze guhitana abantu benshimuri kahise.”

“Uko ni ko Mussolini yatanguye kandi ni nako Hitler yaje,” uko ni ko Pena Nieto yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption prezida wa Mexico Enrique Pena Nieto

Pena Nieto yariko aravuga ku vyerekeye Trump yavuze ko azokubaka uruhome hagati ya Mexico na Amerika mu ntumbero yo kuzibira abimukira bava muri ico gihugu kwinjira muri Amerika.

Trump yavuze ko abo bimukira binjiza ibiyayuramutwe n’ubugizi bwa nabi kandi ko “bafatana ku nguvu.”

Uwo mugwizatunga ava mu ntara ya New York, ari mbere mu bahabwa amahigwe yo guserukira aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na rimwe, abahoze ari abategetsi ba Mexico co kimwe n’abatwara ico gihugu ubu, batanguye kugira umutima uhagaze.

Abahoze ari abakuru b’ico gihugu, Vicente Fox na Felipe Calderon, baramaze kuvuga izina Hitler bariko baravuga Trump.

Pena Nieto yavuze ko Mexico itazigera itanga intererano yo kubaka urwo ruhome ku rubibe nk’uko bisabwa na Trump.

Ariko yarerekanye icizere ko abanyagihugu batazoha amajwi Trump.

Ibindi bisa n’ibi