Netanyahu arahakana ko atasivye ibiganiro na Obama

israel Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Netanyahu na Obama

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yahakanye ibivugwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, ko batangajwe n’ingingo yo kwanka ivyo Barack Obama yari yasavye ko boganira.

Abategetsi ba Amerika baridoze ku musi wa mbere babicishije mu bimenyeshamakuru ko Benjamin Netanyahu yasibije urugendo rwiwe rwo kuja muri Amerika mu ndwi iza.

Ariko ibiro vya Netanyahu vyamenyesheje ko uwuserukira Israel yari yavuze ku musi wa gatanu ko bishoboka ko yosiba muri urwo rugendo.

Imigenderanire iri hagati ya Obama na Netanyahu yaranzwe no gutanako ibitabapfu.

Mu mwaka uheze, ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika vyaranebaguye uwo mutegetsi wa Israel ko yarenze ku mategeko agenga imigenderanire, mu gutegura gushikiriza ijambo inama nshingamateka ya Amerika bitarinze kumenyeshwa umukuru w’igihugu Obama.

Yakoresheje iryo jambo mu gusaba abashingamateka kudafata mu mugongo amasezerano y’inguvu z’ubumara za Iran.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Netanyahu

Vyitezwe ko Netanyahu agira urugendo I Washington kugira ashikirize ijambo mu nama iba buri mwaka y’akanama gashinzwe ibibazo biri hagati ya Israel na Amerika.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, vyavuze ko umushikiranganji wa mbere Netanyahu yari yasavye imisi ibiri y’ibiganiro yo kuvugana na Obama, kandi ko umwe muri yo uhurirana n’ivyo Obama yateguye.

Ibindi bisa n’ibi