Ransome-Kuti umupfasoni nkoramutima muri Nigeria

nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption Ransome-Kuti

Ku musi wahariwe abapfasoni kw’isi, abanywanyi ba BBC ku rubuga rwa Instagram batoye Funmilayo Ransome-Kuti nk’umupfasoni akunzwe cane.

Nyinshi mu nyishu zatanzwe ku mupfasoni abashika ku mutima harimwo abaye intangarugero mu bikorwa vyabo co kimwe n’abagiye bararonka ubushimwe.

Funmilayo Ransome-Kuti, yabaye umwe mu bapfasoni batowe n’abishuye.

Uwo mupfasoni yari umunye Nigeria ashira imbere inyungu z’abapfasoni, umunyepolitike akwongera aaharanira agateka k’abapfasoni.

Yavutse yitwa Francis Abigail Olufunmilayo Thomas I Abeokuta mu 1900 hanyuma yitabira Imana I Lagos mu 1978.

Ransome-Kuti yari imbere igihe hariko haragwanywa ubukoloni muri Nigeria akaba ari nawe yashinze umuhari w’abapfasoni b’I Abeokuta(Abeokuta Women’s Union), wagwanira gukingira no guteza imbere uburenganzira bw’abakenyezi.

Yavyaye abahungu batatu, Beko, Olikoye na Fela.

Fela Kuti, yabaye umwe mu bacuraranzi b’Abanyafrika.

Imbere y’uko yitaba Imana, mu 1997, yarasohoye urukurikirane(Albums) rw’indirimbo nka 50 arafonda injano yiwe y’umuziki: Afrobeat.

Ibindi bisa n’ibi