Ibiro vy'ababuranira Amama Mbabazi vyaturiwe

uganda
Image caption Amama Mbabazi

Ibiro bibiri vy’ababuranira uwahoze uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Uganda, Amama Mbabazi, mu rubanza rwo guhakana intsinzi ya prezida Museveni mu matora aheruka, vyaturiwe.

Ico gitero cabaye mw’ijoro.

Mohamed Mbabazi, arongoye aburanira Mbabazi muri urwo rubanza, yavuze ko inyabwongo n’impapuro zitandukanye vyibwe muri ivyo biro.

Umwe mubari bacungereye ivyo biro vyatewe yakubiswe n’abateye.

Ibindi biro bateye ni ivyo umushingwamanza Fred Muwema.

Igipolisi ca Uganda bavuze ko bakigira amatohoza.

Ibindi bisa n’ibi