Amahasa y'abagabo babiri batandukanye

vietnam Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Umupfasoni yatewe inda y'amasa n'abagabo babiri batandukanye

Amahasa ata ho yari bwaboneke yavutse mu gihugu ca Vietnam.

Ndazi uribaza uti amahasa si ikintu gisanzwe?

Eka namba!

Aya mahasa vyabonetseko bavyarwa na bagabo babiri batandukanye.

Uvyemere canke ntuvyemere!

Inkuru zivuga ko umuryango w’ayo mahasa yasanze abo bana badasa na gato.

Kubera ivyo, vyabaye ngombwa ko babapimisha AND.

Ibipimo bije, abo bana basanze ata co bapfana na kimwe!

Ikigo kijejwe kuraba uko umuntu aremwe(Genetic Association) kivuga ko ivyo bishobora gushika ariko ari ibintu bidasanzwe.

Umupfasoni arashobora kuvyara amahasa y’abagabo babiri batandukanye, mu gihe yaryamanye n’abantu babiri batandukanye mu kiringo c’imisi mike imbuto z’umugore zigikomeye.

Prof Dihn Luong, umushakashatsi mukuru mu kigo kigira amatohoza kuri AND mu gihugu ca Vietnam, avuga ko basanze ku bice 100% abo bana badafise ise umwe.

“Ubu turemeza ko uwo mupfasoni yaryamanye n’abagabo babiri batandukanye mu kiringo imbuto ziwe zari zahiye, aca ategwa inda n’abagabo babiri.”

“Ivyo birashobora gushika ariko n’ibintu bishika gake cane,” ni ko Prof Luong yavuze.

Ni gake ivyo bishika.

“ Ni abapfasoni 10 gusa kw’isi bamaze guterwa inda n’aagabo babiri mu kiringo kimwe.”

Hari amahasa 10 gusa amaze kuvyarwa n’abagabo batandukanye kw’isi , birashoboka ko abavyeyi batabitegera, nk’uko ico kigo kibivuga.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Vietnam vyatanguye kuvuga ivyerekeye ayo mahasa inyuma y’aho umwe mu bagenzi babo avugiye ko rimwe muri ayo mahasa ridasa na rigenzi ryaryo, eka mbere n’abavyeyi babo.

Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK
Image caption Prof Luong nta vyinshi yashatse gusigura kuko yanse ko yorenga ku mategeko akingira umugwayi wiwe, vyohava bivamwo no kwahukana.

Prof Luong ntiyashatse kubandanya gusigura kubera yatinye ko yohava asanga arenze ku mategeko akingira umugwayi wiwe, mbere bigatuma haba ukwahukana.

Ayo mahasa adasanzwe baravuzwe cane mu bimenyeshamakuru kubera ubwo budasa bwabo n’abavyeyi babo.

Ibindi bisa n’ibi