Batanu bishwe barashwe muri Amerika

america
Image caption Abantu batanu biciwe mu gisagara ca Pittsburg

Abantu batanu bishwe igihe haba ukurasana hagufi y’igisagara ca Pittsburg kiri mu ntara ya Pennsylvania.

Abategetsi bavuze ko abantu bari bafise inkoho barashe amasase mu musi mukuru umwe aho abandi bantu batatu bakomeretse.

Bane muri abo bakomeretse ni abapfasoni, mu gihe mu bakoze ico gitero, batarafatwa.

Ubwicanyi bw’urutavanako hakoreshejwe inkoho bwatumye haba ikibazo c’abantu batunze inkoho mu gihugu ca Amerika.

Abantu bane bitavye Imana baciye bitaba Imana aho nyene, mu gihe uwundi yapfuye ashitse mu bitaro. Abagabo babiri bakomeretse bararemvye cane.

Ibindi bisa n’ibi