Suu Kyi ntakibaye prezida wa Myanmar

Mynmar Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Aung San Suu Kyi

Umugambwe wa National League for Democratie mu gihugu ca Myanmar, cagenye abantu babiri bazobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu mushasha.

Abamenyeshamakuru bavuga ko umwe muri abo ari Htin Kyaw, afise icizere ko ari we azotorwa n’inama nshingamateka yiziziwe n’uwo mugambwe wa NLD.

Uko kugena abo bantu bije kwemeza ko umukuru w’umugambwe NLD Aung San Suu Kyi atazoba prezida w’ico gihugu.

Aretse n’ivyo, Suu Kyi yamye avuga ko azoba afise ububasha busumba ubwa prezida.

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Aung San Suu Kyi

N’aho yatsinze n’amajwi menshi cane, Aung San Suu Kyi vyaramutaye ku wamazi kugondoza igisirikare ngo kimwemerere ko aba umukuru w’igihugu.

Ikigabane ca 59 c’ibwirizwa shingiro kimubuza kuba umukuru w’igihugu kuko abana biwe bafise ubwenegihugu bw’ubwongereza, bikaba vyatumye agena uwundi muntu yoja muri ico kibanza.

Uwo na we ni Htin Kyaw yize muri kaminuza ya Oxford, azi ubuzima bwiwe bwose.

Ni umunywanyi w’umugambwe NLD kandi yari nkoramutima wiwe kuva Suu Kyi arekuwe aho yari apfungiwe muhira iwe.

Ibindi bisa n’ibi