Nta bantu reta y'Uburundi yahamvye ikivunga

burundi
Image caption Valentin Bagorikunda

Umushikirizamanza mu kuru wa republika, Valenti bagorikunda arahakana ko ata bantu reta y’Uburundi yahamvye ikivunga, ariko ko hari ikinogo cabonetse cahambwemwo abantu benshi bishwe mu migumuko ku Mutakura, muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mushikirizamanza mukuru avuga ko ibitero vy’abitwaje ibirwanisho vyagizwe ku makambi ya gisirikare atatu yo mu gisagara ca Bujumbura, na Mujejuru iri muri Bujumbura Rural, kw’igenekerezo rya 11 mu kwezi kwa cumi na kabiri, hishwe abarwanyi 79, abasirikare bane hamwe n’abapolisi bane nyene.

Avuga ko hari n’abapfiriye mu maquartier bambaye impuzu za gisirikare.

“Abapfiriye mu maquartier bambaye impuzu za gisirikare benshi muri bo ntibamenyekanye. Baciye rero bashingingurwa mu matongo y’abapfuye asanzwe azwi ya Kanyosha na Mpanda. Abarwanyi indwi barashinguwe n’abajejwe intwaro I Mukike uwundi I Mujejuru, ” ivyo bikaba bivugwa n’umushikirizamanza mukuru Valentin Bagorikunda.

“Abarwanyi bamenyekanye baciye bashikirizwa imryango yabo iraheza irabashingura,” uko ni ko yabandanije avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amatati ari mu Burundi yatanguye mu kwezi kwa kane umwaka uheze kubera impari ku kiringo ca gatatu ca prezida Nkurunziza

Velentin Bagorikunda aremeza ko hariho abarwanyi indwi bafashwe, mu nyuma batorwa ibiziga mu buryo butumvikana.

Abajejwe umutekano babiri, Surwavuba Jean Bosco yatwara ikirindiro c’abapolisi c’I Rwibaga ba Major Gahomera Marius bakaba barahagaritswe kugira babazwe ivy’urwo rupfu.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abantu barenga amajana ane ni bo bamaze kwitaba imana kuva mu kwezi kwa kane

Uwo mushikirizamanza arahakana akarengwa ko ata kinogo na kimwe rusangi kiriho nk’uko vyari vyamenyeshejwe n’amashirahamwe amwe amwe, nka Amnesty International na Ligue Itega, kiretse kimwe basanze muri quartier Mutakura ku wa 29 z’ukwa kabiri, kandi kikaba kitari cavuzwe n’ayo mashirahamwe.

Uwo mugwi wagize amatohoza wari washinzwe itariki 17 z’ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Ibindi bisa n’ibi