Umupfasoni umwe yahamwe n'icaha co kwiba umwana

south africa
Image caption Celeste Nurse(yambaye ikanzu itukura) ni we nyina w'uwo mwana yari yibwe

Sentare nkuru yo mu gisagara ca Cape Town mu gihugu ca Afrika y’epfo, yahamije icaha umupfasoni umwe co kwiba umwana w’uruyoya mu bitaro bimwe haraheze imyaka 20.

Bivugwa ko uwo mwana yibwe mu gitanda ca nyina wiwe inyuma y’imisi itatu avutse mu mwaka 1997.

Mu mwaka uheze, uwo mwana yarasubijwe abavyeyi biwe, inyuma yo gukundana n’umwana muto kw’ishure yigako, basa cane.

Ibipimo vya AND vyerekanye ko abo bana bavukana.

Uwo mupfasoni yagirizwa icaha ararahira akarengwa ko atari we yamwivye, ahubwo yamuhawe n’uwundi muntu , inyuma y’aho aburiye imbanyi.

Ibindi bisa n’ibi