Umwe mu bakuru ba IS yakomerekeye mu gitero ca Amerika

syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Omar Shishani

Umugwi umwe ugira amatohoza, uvuga ko umwe mu bakuru w’abarwanyi akomoye w’umugwi wa Islamic State yakomeretse cane ariko ko atishwe mu gitero c’indege cakozwe mu misi iheze mu buraruko bushira uburengero bwa Syria.

Ku musi wa kabiri, abategetsi bajejwe umutekano ba Amerika bavuze ko Tarkhan Batiravshili, umunye Georgia, azwi kw’izina rya Omar Shishani, yapfiriye muri ico gitero, iruhande ya Shaddadi ku musi wa gatanu.

Ariko uwo mugwi ugira amatohoza mu gihigu ca Syria, ufise icicaro mu Bwongereza uvuga ko ufise inkuru ko yatowe aca atwarwa kuvurirwa mu gisagara ca Raqqa.

Mu mwaka uheze, Amerika yemeye igihembo ca miliyoni zitanu, ku muntu ari we wese yari gutanga inkuru za Shishani, bivugwa ko yari afise ubutegetsi bokomeye muri uwo mugwi, harimwo n’ubushikiranganji bw’intambara.

Ibindi bisa n’ibi