Korea ya ruguru yategetse igeragezwa ry'ayandi mabombe

north korea Uwufise ububasha kw’isanamu EPAKCNA
Image caption Kim Jong Un

Umukuru w’igihugu ca Korea ya ruguru yategetse ko haba ayandi mageragezwa y’ibirwanisho vy’ubumara akoresheje amabombe adafise inguvu nyinshi, avuga ko abahinga b’igihugu ciwe bakoze.

Ishirahame ryo kumenyeshamakuru ryo muri ico gihugu ryatangaje ko Kim yatanze iryo tegeko inyuma yo kwerekana icese ayandi mabombe ku musi wa kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kim Jong Un

Mu misi iheze uwo mutegetsi yari yavuze ko abahinga b’igihugu ciwe bashoboye kugabanya ubunini bwa bombe kugira ashobore kuja muri missile.

Abamenyeshamakuru bavuga ko ivyo bosanga ari vyo, igihugu ca Korea ya ruguru n’ibindi bihugu vyo muri ako karere bizoba bigeramiwe cane n’ico gihugu.

Ibindi bisa n’ibi