Trump na Rubio ku kibazo ca Islam

america Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Marco Rubio na Donald Trump mu kiganiro

Uwuhiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains, Marco Rubio, yanebaguye Donald Trump kuba yavuze ko Aba Islam baterekwa Amerika, mu kiganiro cerekanywe kiriko kiraba kuri television.

Rubio asugerejwe mu ntara ya Florida, ku musi ya kabiri yavuze ko Islam ifise ingora y’abayitwaza bayikoresha nabi, ariko yongerako ko aba Islam benshi bakunda Amerika.

“Aba prezida ntibashobora kuza baravuga ico bashatse cose, kuko hariho ingaruka,” ni ko yavuze, aho abantu baciye bamukomera amashi.

Abo baharanira ico kibanza bane mu mugambwe w’aba republicains, barategereye ivyo basabwe n’abarongoye uwo mugambwe ko hoza haraba ibiganiro mu mahoro.

Ugereranije n’ikiganiro caheruka aho carimwo n’ibitutsi bitumbereye umuntu ku giti ciwe, iki kiganiro cakoreshejwe neza, mu gihe abahiganwa bose bashikiriza politike yabo.

“Gushika ubu sintegera ingene twatekereje ngaha”, uko ni ko basibiyemwo ivyavuzwe na Trump.

Ariko ku kibazo c’aba Islam, hariho ubudasa bwinshi hagati ya Trump n’abo bandi bahanganye, aho wewe yavuga ko imiryango y’abitwaje iterabwoba yose igwanywe.

Ibindi bisa n’ibi