Ben Carson ashigikiye Trump mu kwitoza kuba prezida

america Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ben Carson na Donald Trump

Uwahora ahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Amerika, mu mugambwe w’aba republicains, Ben Carson, yemeje ko ashigikiye uwo bahora bahiganwa Donald Trump.

Carson yabivuze mu nama y’abamenyeshamakuru bagize bari kumwe mu gisagara ca Florida, mu gihe Trump ubu ari we aza kw’isonga muri uwo mugambwe imbere yok u musi wa kabiri.

Carson yatanze imihoho mu ndwi iheze inyuma y’aho aburiye abantu benshi bamufata mu mugongo. Abaye uwaharanira ico kibanza agira kabiri avuze ko ashigikiye Trump inyuma y’umukuru w’intara ya New Jersy, Chris Christie.

Ibindi bisa n’ibi